B. Umugambwe CNDD uhagaze hehe ?
- Umugambwe CNDD urahojeje imiryango y'abo bose bamaze kubura ababo, umuryango wa Zedi Feruzi n'abandi, bagandaguwe bazira ukuri n'umutima w'urukundo bafitiye igihugu cabo, mu guharanira demokarasi. Abarundi ntibazokwigera babibagira, batubereye incungu za demokarasi.
- Umugambwe CNDD urashimiye cane abarundi bose na canecane urwaruka n'abakenyezi bateye iteka igihugu, eka ndetse Afrika nzima mu kwiyamiriza abo bose bashaka kutugarukana mu ntwaro z igikenye twasezeye kuva 1993, abo rero bamenye ko ivyari imagera vyarageruye.
- Umugambwe CNDD rero usubiye kwibutsa abarundi n'incuti z'Uburundi zose yuko urugamba turimwo si urwo Umuhutu, si urwo Umututsi canke Umutwa, ni urugamba rw'umurundi wese, umuntu wese ashaka gusubiza agateka abarundi bose, kiremwa muntu wese na canecane muri Afrika.
- Umugambwe CNDD uriyamirije wivuye inyuma abo bose canecane bari mu ntwaro vyaburiye bagashaka kuryanisha amoko, bamenye ko bihora ubusa ata barundi bazokwemera kuryana bapfa ivyo amoko, abarundi barazi gutandukanya icatsi n'ururo : « Bapfana iki barutwa na bamaraniye iki ». Umwansi wabo ni abo bampemayuzuye bashaka kurya imitsi abandi babicayeko, abo bameze nk'amasiha yogeje ikigega ca Reta, iyo bahimvye baca baririmba ngo Abarundi bose barahaze.
- Umugambwe CNDD urasavye ushimitse inzego z'umutekano no kwivuna abansi, abaporisi n'abasoda ko zokubahiriza umutekano muri ibi bihe w'Abarundi bose n'abanyamahanga bari mu gihugu, bakagambararira abo bose babatuma kwica benewabo b'abanyagihugu bakoresheje inkoho babaguriye. Bamenye ko abanyagihugu aribo babahemba, babambika, bakabagaburira, naho vyinshi abategetsi babinyuruza. Bamenye kandi ko ijambo rya nyuma ari iryo umunyagihugu.
- Umugambwe CNDD urasubiye kurarika abarundi bose mu gihugu hagati ; mu bisagara, eka n'abari hanze, abagabo n'abakenyezi, imisore n'inkumi, abanywanyi b'imigambwe n'amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, abasoda n'abaporisi mwese mushware amabarabara, muze muhave Reta ya Nkurunziza yeguye. Umugambwe kandi ubasavye ko hakorwa ibishoboka vyose amatora Nkurunziza yamaze kwiba bugica ntaze abe, kanatsinda nta matora ashoboka ata mwidegemvyo uri mu gihugu, igihugu kirimwo urwimo n'umudugararo, igihe abarundi isinzi bariko barahunga igihugu cabo, abandi bari mu munyororo. Dusavye dushimitse abari muri ya mirwi ya CENI kuva ku rwego rw'igihugu gushika ku nzego z'amakomine bose ko botanga imihoho, abihebeye imana bo mw'ishengero rya Katorika bari baramenyesheje ko atagihindutse bazoca bidohora bakava muri iyo mirwi, batabigize bazobibazwa n'abanyagihugu, kandi uherekeje umusuma ufatwa nk'umusuma. Ayo matora ntawuzoyitaba, nta numwe azoyemera. Dushaka amatora azira igitsure n'agahotoro.
- Umugambwe CNDD usavye Reta ya Nkurunziza guhagarika ubwicanyi no kureka abanyagihugu bagaserura mu myiyerekano akababaro bafise ku mutima, nkuko babirekuriwe n'amategeko y'Uburundi na mpuzamakungu.
- Umugambwe CNDD uboneyeho akanya ko gushimira bimwe bivuye ku mutima, ibihugu bimwe bimwe bicuditse n'Uburundi, ishirahamwe ry'ubumwe bw'Afrika ku nyifato ibereye vyerekanye mu kwemanga ku mugaragaro ko bishigikiye Abarundi mu rugamba barimwo mu kwerekana ko ata matora ashoboka iki gihe c'urwimo mu Burundi, ko icihutitrwa atari amatora, ariko ari ibiganiro vyo kugarukana ituze mu gihugu.
- Umugambwe CNDD usubiye kwibutsa yuko igikorwa cihutirwa iki gihe ari ibiganiro hagati ya Reta n'imigambwe itavuga rumwe nayo, n'amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike akazotumirwa muri ivyo biganiro ka burorerezi. Ivyo biganiro bikazohagarikirwa n'umuntu yumvikanyweko n'impande zose, akongera akaba ari umuntu yemera kandi yaharaniye demokarasi mu gihugu ciwe.
- Ibiganiro bizoshimikira kuri ibi :-Ingingo zihutirwa zo gusubiza agateka umurundi.-Kwemeza imigambi y'ikiringo mfatakibanza kitorenza imyaka ibiri.-Ishirwaho ry'inzego mfatakibanza.
- Tugumeko, akagumye bagumako, nta butegetsi bw'igikenye bwigeze butsinda igihe abanyagihugu babuhagurukiye n'ishaka ryinshi.
Bigiriwe i Bujumbura itariki 24 Rusama 2015
Kw'izina ry'umugambwe CNDD
Leonardo Nyangoma prezida

